Umuceri wa "plastique"wafashwe muri Nigeria
21
Ukw’icumi
na kabiri 2016
BBC
Gahuza
Umuceri niyo ndya ya mbere mu gihugu ca Nigeria
Uwurongoye
igisata c'amakori mu gisagara ca
Lagos Haruna Mamudu yavuze ko uwo muceri atariwo, wari ugenewe
kugurishwa
mw'isoko mu gihe c'imisi mikuru.
Yavuze ko uwo muceri umata iyo uhejeje kuwuteka ngo "Imana yonyene niyo izi ivyari gushika"iyo abantu bawurya.
Imifuko
y'umuceri wa "plastique" yafashwe
Ntawuzi
neza iyo mifuko yafashwe iyo yavuye
ariko umuceri ukozwe muri "plastique" warigeze gufatwa mu gihugu
c'Ubuchina mu mwaka uheze.
Umuceri
ni igifungurwa ca mbere mu gihugu ca
Nigeria.
Umumenyeshamakuru
wa BBC Peter Okwoche avuga ko
ariyo ndya yonyene abo mu mico n'amadini atandukanye mu gihugu
bahurizako.
Amatohoza
ariko arakogwa ngo hamenyekane uwoba
umaze kugurishwa ingene ungana.
Igisata
c'amakori casavye abo bose baburagiza
ubutunzi bw'igihugu bashaka kwikika mu kiza muri bino bihe vy'imisi
mikuru
kwirinda urwo rudandazwa rudaciye mu mategeko.
Mamudu
ntiyasiguye ingene uwo muceri wa
plastique wakozwe ariko yavuze ko iyo mifuko yanditseko "Best tomato
rice" (umuceri wa mbere mwiza utekeshejwe itomati).