Umuceri wa "plastique"wafashwe muri Nigeria

21 Ukw’icumi na kabiri 2016

BBC Gahuza

Haut du formulaire

Bas du formulaireUmuceli

     Umuceri niyo ndya ya mbere mu gihugu ca Nigeria

Uwurongoye igisata c'amakori mu gisagara ca Lagos Haruna Mamudu yavuze ko uwo muceri atariwo, wari ugenewe kugurishwa mw'isoko mu gihe c'imisi mikuru.

Yavuze ko uwo muceri umata iyo uhejeje kuwuteka ngo "Imana yonyene niyo izi ivyari gushika"iyo abantu bawurya.

Umuceli

                                              Imifuko y'umuceri wa "plastique" yafashwe

Ntawuzi neza iyo mifuko yafashwe iyo yavuye ariko umuceri ukozwe muri "plastique" warigeze gufatwa mu gihugu c'Ubuchina mu mwaka uheze.

Umuceri ni igifungurwa ca mbere mu gihugu ca Nigeria.

Umumenyeshamakuru wa BBC Peter Okwoche avuga ko ariyo ndya yonyene abo mu mico n'amadini atandukanye mu gihugu bahurizako.

Amatohoza ariko arakogwa ngo hamenyekane uwoba umaze kugurishwa ingene ungana.

Igisata c'amakori casavye abo bose baburagiza ubutunzi bw'igihugu bashaka kwikika mu kiza muri bino bihe vy'imisi mikuru kwirinda urwo rudandazwa rudaciye mu mategeko.

Mamudu ntiyasiguye ingene uwo muceri wa plastique wakozwe ariko yavuze ko iyo mifuko yanditseko "Best tomato rice" (umuceri wa mbere mwiza utekeshejwe itomati).

 

Tweet