Umunyakenyakazi
yatoye uburyo bwo kurondera umugabo
BBC
Gahuza 22 Ukw’umunani 2017
Pris
Nyabura n'umukobwa wiwe w'imyaka indwi i Nairobi
Umunyakenyakazi
w'imyaka 28 yagiye mu gisagara ca Nairobi yitwaje icapa canditseko ko
ashaka
umugabo, yambaye impuzu z'ubugeni.
Pris
Nyabura ni umupfasoni avyaye rimwe, akaba yitwaje icapa canditseko: "Ndipfuza umugabo, mfise umwana
w'umukobwa w'imyaka indwi."
Kuri ico capa
nyene, hariko numero ziwe za telefone ngendanwa.
BBC
yagerageje kuzihamagarako ariko igasanga ariko ayivugirako
Boba ari
abitavye akamo kiwe bariko baramuhamagara?
Reka
turindire.