Umunyakenyakazi yatoye uburyo bwo kurondera umugabo

BBC Gahuza 22 Ukw’umunani 2017

Ndashakumugabo 

                                                             Pris Nyabura n'umukobwa wiwe w'imyaka indwi i Nairobi

Umunyakenyakazi w'imyaka 28 yagiye mu gisagara ca Nairobi yitwaje icapa canditseko ko ashaka umugabo, yambaye impuzu z'ubugeni.

Pris Nyabura ni umupfasoni avyaye rimwe, akaba yitwaje icapa canditseko: "Ndipfuza umugabo, mfise umwana w'umukobwa w'imyaka indwi."

Kuri ico capa nyene, hariko numero ziwe za telefone ngendanwa.

BBC yagerageje kuzihamagarako ariko igasanga ariko ayivugirako

Boba ari abitavye akamo kiwe bariko baramuhamagara?

Reka turindire.

 

Tweet