U
Burundi buridogera u Rwanda ko rushikiriza imvugo itabereye irimwo
amajambo atyoza ico gihugu
Lieutenant
Gen Silas Ntigurirwa avuga mu rwandiko yuko u Rwanda ruvuga ibitabereye
ku
Burundi
Inama
y'umutekano y'u Burundi yasohoye itangazo rivuga ko abategetsi b'u
Rwanda
bamaze imisi bashikiriza imvugo zitabereye ku gihugu c'u Burundi.
Iyi
nama yiyamiriza kandi iyirukanwa ry'Abarundi baba mu gihugu c'u Rwanda
rimaze
imisi ryibonekeza.
Biri
mw'itangazo iyo nama yashikirije kuri uyu w'Imana rikaba ryasomwe
n'umukuru
w'iyo nama y'umutekano Silas Ntigurirwa.
Agira
ati :«Inama nkuru y'umutekano irateye ivyatsi iyo nyifato
itubahiriza amategeko
mpuzamakungu agenga imbibe z'igihugu hamwe n'ayagenga agateka ka zina
muntu».
Umukuru
w'inama y'umutekano ariko ntadoma urutoke kuri izo mvugo zitabereye
abategetsi
b'u Rwanda boba barashikirije.
Mu
minsi iheze harabaye ibikorwa vyo guhungabanya umutekano mu Rwanda mu
turere
twegereye ishamba rya Nyungwe, hafi y'urubibe rw'u Burundi.
Abejejwe
intwaro mu Rwanda bavuze ko abakoze ivyo bikorwa baje bava mu Burundi,
bakaba
ari naho basubiye.
Ariko
u Burundi bwariyamirije ivyo vyavuzwe n'u Rwanda, buvuga ko atari vyo
na
gatori.
Muri
aya mezi abiri aheze, Abarundi baharurwa mu majana baba mu Rwanda
barirukanywe
n'ubutegetsi bw'ico gihugu ku mvo zitarashirwa ku mu garagaro.
Bamwe
mu birukanywe bagiriza abategetsi b'u Rwanda ko babanyaze utwabo.
BBC
iracagerageza kumenya inkuru y'ukuri kuri iryo yirukanwa.