Ubwicanyi bw'abari mu
nzego mu Burundi burakomeje
BBC
Gahuza 25/04/2016
Brig Gen
Athanase Kararuza
General
Kararuza Athanase yahoze arongoye ingabo za Onu mu gihugu ca
Centrafrique
n'umugore wiwe bagandaguwe n'abantu bitwaje inkoho muri kino gitondo,
muri zone
Gihosha iri mu gisagara ca Bujumbura.
General
Kararuza yari ajanye umwana kw'ishura, baca babarasira imbere y'ishure
ryisumbuye rya St Esprit.
Gen Kararuza n'umugore wiwe baciye bapfa ubwo nyene, umwana na we arakomereka cane.
Brig
Gen Athanase Kararuza
yategerewe n'abantu bitwaje ibirwanisho atwaye umwana kw'ishure
Ubu General Kararuza yari umuhanuzi mu biro vy'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, ashinzwe ibibazo vy'umutekano.
Ubundi bwicanyi
Mw'ijoro
ryakeye abantu bitwaje ibirwanisho barateye kandi ku muhana wa Col Ndabigeze Donatien, yakora mu biro
vy'iperereza, muri quartier Carama iri muri komine Ntahangwa, bica
umupfasoni wiwe n'umushitsi yari yaje kubaramutsa.
Hari ikindi
gitero ca grenade cari cabaye ku murango ku modoka y'umushikiranganji
wo
gushigikirana n'agateka ka zina muntu, Martin Nivyabandi, aho yari
yagiye
gusenga muri zone Nyakabiga, kw'isengero "Guerison des ames".
Ku rubuga
ngurukanabumenyi rwiwe rwa facebook, akaba yamenyesheje ko we n'umugore
wiwe
bakomeretse bisanzwe ariko bakomeye.
Mu ndwi iheze uwundi musirikare w'ipeta rya Lt Col yaragandaguwe hafi y'umuhana iwe, muri zone Kinama, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.
Kanda
wumve inkuru ya
VOA