Impunzi z'Abarundi Zirabandanya Kwirukanwa
mu Rwanda |
|
|
|
Benshi mu mpunzi z'Abarundi birikanywe na
reta y'Urwanda batahutse bakomeretse. Mu Barundi amajana ane na mirongo itatu
na batatu bashitse mu Burundi kw段genekerezo rya kabiri ry置ku kwezi kwa
gatandatu batahukanywe ku nguvu, benshi muribo bavuye mu Rwanda iyo bari
barahingiye bakomeretse.
Umushikiranganji ajejwe umugambi wo gufatana mu nda mu Burundi, umupfasoni
Immaculee Nahayo yaganiriye na radiyo ijwi rya Amerika, avuga ko ivyo bintu
bibabaje. Yahumurije abo ivyo bintu vyashikiye mu kubemerera ko ababijejwe mu
Burundi bagiye kubiganira na reta y'Urwanda. Yamenyesheje ko ibiganiro
bizoshimikira ku miryango cumi n'icenda yatahutse isiga amatungo yabo mu
Rwanda, kubera ko batahawe umwanya n'uburyo bwo kwegeranya no gutahukana ivyo
bari batungiye mu Rwanda.
Uwo mugwi w'Abarundi baherutse guhunguka ku nguvu washikiye ahitwa ku Mugano mu
ntara ya Muyinga. Ico kibanza gisanzwe kibamwo abandi barundi amajana indwi,
nabo nyene bahungutse bava mu Rwanda, ariko batahutse ku gushaka kwabo.
Abagishika mur'ico kibanza, abahungutse babazwa ibijanye n'iyo bavuye,
imiryango yabo, hanyuma bagaca barungikwa mu makomine bavukiyemwo. Abatacibuka
iwabo kubera ko bavukiye mu buhungiro, abavyeyi babo bakaba bapfuye
batarahunguka, bazokwubakirwa ibigwati bizokwitirwa Amahoro.
Umugwi w'Abarundi baherutse gutahuka ku nguvu ugizwe ahanini n'abana. Abo
Barundi bisigura bavuga ko batipfuza gutahuka kubera ko, ku bwabo bibaza ko
umutekano wabo utazokingirwa bikwiye mu Burundi. Bamwe muri abo birukanywe
bavuga ko ishirahamwe HCR ryari ryabemereye kubarungika muri Reta Zunze Ubumwe
za Amerika canke mu gihugu ca Australia, kikaba ari naco gituma ngo batipfuza
kugaruka mu Burundi. Uwuserukira Urwanda mu Burundi nti yashimye kugira ico
avuze kw段yirukanwa ry'abo bantu n置kuntu birukanywe. Twobibutsa ko mu mezi
aheze Uburundi bwirukanye ku nguvu Abanyarwanda bashika ibihumbi bibiri.
Uburundi n'Urwanda biherutse kwinjira mw'ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu karere
ko m置buseruko bwa Afrika. Iryo shirahamwe ritegekanya ko mu mwaka wi 2015,
Uburundi, Urwanda, Ubuganda, Kenya na Tanzania bigize iryo shirahamwe bizohinduka
Reta Zunze Ubumwe z段bihugu vyo mu karere ko m置buseruko bwa Afrika, aho uruja
n置ruza rw'ibintu n'abantu ruzoba ata nzitizi n'imwe.