ONU
iragiriza imigwi yitwaje ibigwanisho gushaka gutera u Burundi
18
Ukw’umunani 2017
BBC Gahuza
Icegeranyo
c'umugwi w'abahinga ba ONU kivuga ku gukorana hagati y'imigwi
itandukanye
yitwaje ibigwanisho, yaba iy'Abanyekongo hagati yabo canke abaturuka
hanze
y'igihugu.
Mu migwi
yitwaje ibigwanisho ituruka mu Burundi, abo bahinga bavuga lko mu
vyegeranyo
vyashize vyavuze ku migwi ya Red Tabara na FNl-Nzabampema.
Ariko muri
ici cegeranyo giheruka bavuga cane cane ku mugwi FOREBU
bemeza ko ukomeye kurusha iyindi y' Abarundi bari ku butaka
bwa Congo.
Uwo mugwi
FOREBU, ngo utwagwa na Colonel Edouard Nshimirimana, yunganiwe na
Colonel Abdu
Rugwe mu rwego gwa gisirikare.
Ariko
ubuyobozi bwa politike bukaramutswa uwitwa Hussein
Radjabu, nk'uko ngo abo bahinga babibwiwe n'abasirikare ba
leta ya Congo.
Ico
cegaranyo c'abahinga ba ONU kiravuga ko uwo mugwi ubandanya kwinjiza
abagwanyi.
Ngo mu kwezi
kwa gatanu kw'uyu mwaka boba bari bageze hagati ya 300
na 500, mu gihe uwo mugaba wawo Colonel Nshimirimana yari
afise
30 mu mpera z'umwaka wa 2015 agitoroka igirisirikare c'igihugu.
Aho uwo ukunze kuboneka ngo ni mu turere twa Uvira na Fizi.
Iyo
migwi yagirizwa gushaka
gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida w'u Burundi, Pierre Nkurunziza
Uwo mugwi
uvuga ko ugiranira kandi imigenderanire n'abagwanyi b'imigwi ya Mai mai
yo muri
Congo , nka Mai mai Reunion mu buraruko bwa Fizi.
Naho abo
bakunze gutana mu mitwe ngo n'ingabo za leta ya Congo zikunze kugaba
ibitero
vyo kuja kubahiga aho ku butaka bwa Congo, hamwe n'umugwi wa FDLR.
Abahaye
amakuru abo bahinga ba ONU, ngo bavuze ko abagwanyi ba FOREBU baboneka
mu
myambaro ya gisirikare, bafise n'ibigwanisho birimwo inkoho za AK-47 mu
gace ka
Lusenda.
Aho ngo niho
bakunze kugura ibifungurwa mu banyagihugu canke ku masoko, aho gutoza
amatagisi
mu banyagihugu.
Ico ngo
gifatwa nk' ikimenyetso ko boba bafise infashanyo zituruka mu mahanga.
Uwo mugwi wa
ONU uvuga kandi ko hariho igisenge c'ihanahanwa ry' ibigwanisho ku
butaka bwa
Congo no hakurya yaho, hakoreshejwe inzira y'uruzi
Rusizi.
Muri urwo
ruja n'uruza rw' ibigwanisho bavuga ko ruciye kubiri n'amategeko,
umugwi
w'abahinga ba ONU utunga agatoke abakorana n'igisirikare ca leta y' u
Burundi
FDN.
Abo ngo ni
abarovyi, abatwara abantu n' ibintu nk'abakoresha amapikipiki hamwe n'
ingabo
za Congo eka n' imigwi yitwaje ibigwanisho itandukanye.
Ngo bijanwa
mw' ijoro ku Rusizi n' ingabo z' Uburundi, imbere yuko bihabwa imigwi
y'aba mai
mai ya Nyerere, Karakara na Mwenyemali mu kugirango ifashe kugwanya
imigwi
y'abarundi ya FOREBU, FNl-Nzabampema na Red -Tabara.
Twavuganye
na Hussein Radjabu, yemezwa muri ico cegeranyo ko ariwe aramutswa uwo
mugwi
FOREBU ku rwego rwa politike, ariko yahakanye ko atari kumwe n'abo
bagwanyi
bawo bavugwa muri Congo.
JK : Umva
uko Hussen
Radjab abivuga.