ONU iragiriza imigwi yitwaje ibigwanisho gushaka gutera u Burundi

18 Ukw’umunani 2017

BBC Gahuza

Burundi

Icegeranyo c'umugwi w'abahinga ba ONU kivuga ku gukorana hagati y'imigwi itandukanye yitwaje ibigwanisho, yaba iy'Abanyekongo hagati yabo canke abaturuka hanze y'igihugu.

Mu migwi yitwaje ibigwanisho ituruka mu Burundi, abo bahinga bavuga lko mu vyegeranyo vyashize vyavuze ku migwi ya Red Tabara na FNl-Nzabampema.

Ariko muri ici cegeranyo giheruka bavuga cane cane ku mugwi FOREBU bemeza ko ukomeye kurusha iyindi y' Abarundi bari ku butaka bwa Congo.

Uwo mugwi FOREBU, ngo utwagwa na Colonel Edouard Nshimirimana, yunganiwe na Colonel Abdu Rugwe mu rwego gwa gisirikare.

Ariko ubuyobozi bwa politike bukaramutswa uwitwa Hussein Radjabu, nk'uko ngo abo bahinga babibwiwe n'abasirikare ba leta ya Congo.

Ico cegaranyo c'abahinga ba ONU kiravuga ko uwo mugwi ubandanya kwinjiza abagwanyi.

Ngo mu kwezi kwa gatanu kw'uyu mwaka boba bari bageze hagati ya 300 na 500, mu gihe uwo mugaba wawo Colonel Nshimirimana yari afise 30 mu mpera z'umwaka wa 2015 agitoroka igirisirikare c'igihugu.

Aho uwo ukunze kuboneka ngo ni mu turere twa Uvira na Fizi.

Nkurunziza

Iyo migwi yagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida w'u Burundi, Pierre Nkurunziza

Uwo mugwi uvuga ko ugiranira kandi imigenderanire n'abagwanyi b'imigwi ya Mai mai yo muri Congo , nka Mai mai Reunion mu buraruko bwa Fizi.

Naho abo bakunze gutana mu mitwe ngo n'ingabo za leta ya Congo zikunze kugaba ibitero vyo kuja kubahiga aho ku butaka bwa Congo, hamwe n'umugwi wa FDLR.

Abahaye amakuru abo bahinga ba ONU, ngo bavuze ko abagwanyi ba FOREBU baboneka mu myambaro ya gisirikare, bafise n'ibigwanisho birimwo inkoho za AK-47 mu gace ka Lusenda.

Aho ngo niho bakunze kugura ibifungurwa mu banyagihugu canke ku masoko, aho gutoza amatagisi mu banyagihugu.

Ico ngo gifatwa nk' ikimenyetso ko boba bafise infashanyo zituruka mu mahanga.

Uwo mugwi wa ONU uvuga kandi ko hariho igisenge c'ihanahanwa ry' ibigwanisho ku butaka bwa Congo no hakurya yaho, hakoreshejwe inzira y'uruzi Rusizi.

Muri urwo ruja n'uruza rw' ibigwanisho bavuga ko ruciye kubiri n'amategeko, umugwi w'abahinga ba ONU utunga agatoke abakorana n'igisirikare ca leta y' u Burundi FDN.

Abo ngo ni abarovyi, abatwara abantu n' ibintu nk'abakoresha amapikipiki hamwe n' ingabo za Congo eka n' imigwi yitwaje ibigwanisho itandukanye.

Ngo bijanwa mw' ijoro ku Rusizi n' ingabo z' Uburundi, imbere yuko bihabwa imigwi y'aba mai mai ya Nyerere, Karakara na Mwenyemali mu kugirango ifashe kugwanya imigwi y'abarundi ya FOREBU, FNl-Nzabampema na Red -Tabara.

Twavuganye na Hussein Radjabu, yemezwa muri ico cegeranyo ko ariwe aramutswa uwo mugwi FOREBU ku rwego rwa politike, ariko yahakanye ko atari kumwe n'abo bagwanyi bawo bavugwa muri Congo.

JK : Umva uko Hussen Radjab abivuga.


 

Tweet